Iremezo

Namaze imisi ibiri nzi ko yapfuye ariko sinari gutanga igihugu kubivuga’ -Pasitori Denise Nkurunziza ku rupfu rwa Prezida Nkurunziza

 Namaze imisi ibiri nzi ko yapfuye ariko sinari gutanga igihugu kubivuga’ -Pasitori Denise Nkurunziza ku rupfu rwa Prezida Nkurunziza

Kuva Pasitori Denise Nkurunziza apfakaye, abandanya igikorwa co kwigisha ijambo ry’Imana nka pasitori w’ishengero ry’Urutare “Eglise du rocher”, akanakurikirana irerero ry’impfuvyi yubatse i Buye, muri komine Mwumba, mu buraruko bw’igihugu.

Prezida Pierre Nkurunziza yitavye Imana itariki umunani z’ukwezi kwa gatandatu mu 2020.

Ico gihe na we Denise Nkurunziza na we yari mu bitaro ku mugwa mukuru wa Kenya, Nairobi.

Avuga ko amaze kumenya ko umucance wiwe yitavye Imana, yabigize ibanga.

Agira ati:”Nabimenye ari mu gitondo, ariko nagiye kubivuga ku mugoroba w’umusi ukurikira.

“Sinari gutanga igihugu kubivuga, kuko yari uwo igihugu.”

Denise Nkurunziza ariko, avuga ko ivyo vyashitse amaze imisi mu masengesho yo gusaba Imana gushima mu bibi no mu vyiza.

Uwo mupfasoni w’abana batanu, ubu akora akazi ko kwigisha ijambo ry’imana agira ati:”Uwabimbwiye yansavye gusenga ngo kuko agiye muri koma. Hari mu gitondo. Ariko jewe nari numvise ijwi rimbwira ko kabaye. Nca ndashimira Imana.

“Naciye nshira amaboko hejuru nshimira Imana ndayibwira nti urakoze, urakoze… sinavuga ico nshima ariko naguma mvuga nti urakoze.

“Uwabimbwiye naramubwiye nti nimubure kwakira ishaka ry’Imana.”

Umupfakazi Denise Nkurunziza avuga ko mw’ijoro bari bavuganye n’umugabo wiwe, aramubwira ko yateramye cane ariko araganira n’abagenzi ko arushe, yumva ashaka kuryama baca barasezerana.

Amaze kwitaba Imana abantu bonyene yashoboye kumenyesha iyo nkuru y’umubabaro, ni abana biwe ba mbere, ariko arabihanikiriza kubivuga imbere y’uko igihugu gisohora itangazo.

Agira ati:”Narahamagaye umuhungu wanje mukuru yari i Bujumbura, ndamubwira ko se wiwe aremvye, ko aduga kumuraba mu bitaro i Karusi.

“Ariko naramwihanikirije ko ataza kwinjira mu bitaro atambariye. Inzira yose nagumye ndamuhamagara ndamubaza aho ageze.

“Ageze aho bahagarika imiduga ku bitaro (Parking), naramurindiriye araheza guparika nca ndamumenyesha iyo nkuru ko se wiwe yitave Imana. Ndamubwira ko yogerageza akihangana yifate rugabo. Kandi narabajije abari bahari, yarigumije.”

Avuga ko mu nyuma yaciye ahamagara n’uwumukurikira yiga I Londres mu Bwongereza ico gihe, bose abasaba kwigumya

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *