Iremezo

Papa avuga ko ukuryoherwa mu mibonano mpuzabitsina ari ‘ingabire iva ku Mana’

Papa François yavuze ko uburyohe mu mibonano mpuzabitsina ari ”ingabire (impano mu Kinyarwanda) iva ku Mana” ikwiye ”kwitonderwa mu kwihangana”. 

Yagabishije kandi ko amasanamu n’amashusho y’imibonano mpuzabitsina (pornographie), atanga ”uguhimbarwa ata mibobonano [ibaye]” kandi ko ashobora gutuma bicika ingeso yo kutihangana [kuyaraba]. 

Papa yariko avugira mu kiganiro rusangi yama atanga i Vaticano buri iminsi yose ku wa gatatu. 

Iryo jambo, riri mu rukurirane rw’inyigisho ku bitabereye gukorwa n’ubugorotsi, ryashimikiye ku co Papa yise ”ishetani y’ipfa”.

Uwo mwungere wa Ekereziya yavuze ko ipfa ”rirengera imigenderanire hagati y’abantu,” abandanya avuga ko ”amakuru ya buri munsi yerekana bihagije ukwo kuri”. 

”Ni bangahe batanguye neza cane ariko mu nyuma imigenderanire yabo ikarangira nabi?” niko yabajije. 

Papa ivyo yabivuze mu gihe umukuru mushasha w’igisata c’inyigisho, Cardinal Manuel Fernández, yaneguwe cane kubera igitabo yanditse agasohora mu myaka ya 1990 citwa Mystical Passion: Spirituality and Sensuality. 

Ico gitabo, ubu kopi zaco zose zamaze kugurwa, kivuga ku mibonano mpuzabitsina y’abantu kandi kikavuga ceruye ibiba iyo umugabo n’umugore bashitse kw’itsitso ryayo (orgasme).

source :BBC Gahuza

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *