Iremezo

Sgt Alwyn Cashe: Biden yahaye umudari umwirabure wa mbere kuva kuri Vietnam

 Sgt Alwyn Cashe: Biden yahaye umudari umwirabure wa mbere kuva kuri Vietnam

Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden yambitse abasirikare batatu umudari wa mbere ukomeye cane muri ico ghugu, muri abo harimwo umwirabure wa mbere atewe iryo teka kuva habaye intambara ya Vietnam.

Sergeant Alwyn Cashe yishwe n’ubushe yagize ariko aratabara abasirikare bari mu kiduga kitamenwa n’amasasu cariko kiraka umuriro muri Iraq.

Abaye kandi umwirabure wa mbere aronse umudari w’iteka (Medal of Honor) mu ntambara za Amerika muri Iraq na Afghanistan.

Bandi babiri nabo bakijije abandi barahawe uwo mudari.

Sgt Cashe, yari afise imyaka 35, yapfuye igihe ikibombe gitegwa kw’ibarabara caturikira munsi y’imodoka yo mu bwoko bwa Bradley Fighting Vehicle yategeka mu kwezi kw’icumi mu 2005, ico kibombe gica gikongereza ibitoro vy’iyo modoka irasha.

We n’uwundi musirikare bamaze kuzimya imbeya zari zabujije umushoferi kuronka aho aca ngo asohoke hanyuma bakamuvanayo, umwambaro wiwe, kubera wari wuzuyeko ibitoto, waciye ufatwa n’umuriro.

N’ubwo yahiye bikomeye igice kinini c’umubiri (75%), umwe umwe ku wundi, yaratabaye abasirikare batandatu hamwe n’umunya-Iraq yabafasha guhindura indimi, abavana muri iyo modoka – aho hose kandi umwansi yariko ararasa.

Yahavuye yicwa n’ibikomere vy’ubwo bushe inyuma y’indwi zitatu ico gitero kibaye.

Mu birori vyabereye mu biro vy’umukuru w’igihugu White House ku wa kane, prezida Joe Biden yavuze ati: “Umusirikare w’umusirikare, umugwanyi yaciye mu muriro kugira akize ingabo ziwe”. Umugore n’abana ba Sgt Cashe bari aho bariko barakukira ibirori.

Amategeko avuga ko abasirikare bahabwa imidari bagenwa imyaka itanu inyuma y’igikorwa c’ubutwari baba bakoze, ariko mu mwaka uheze, inama nshingamateka na nkenguzamateka zaratanze uruhusha rw’uko Sgt Cashe yohabwa uwo mudari.

Vyabaye haheze imyaka myinshi abasirikare n’abo mu muryango basaba ko yovanwa ku mudari w’ifeza akaduzwa ku rugero rukurikira.

Ku bw’ikinyamakuru Washington Post, prezida Donald Trump yari guha uwo mudari Sgt Cashe imbere y’uko asezera White House mu kwezi kwa mbere, ariko ivyo vyasibijwe n’amakenga ku mutekano inyuma y’aho abashigikiye Trump batereye inyubakwa ya Capitol.

Abandi bambitswe uwo mudari ni Green Beret Sgt Earl Plumlee, w’imyaka 41, ku ruhara yagize mu gusubiza inyuma igitero cari kigabwe kw’ikambi yiwe mu ntara ya Ghazni muri Afghanistan mu 2013.

Kugira akingire bagenziwe bari bakomeretse, yemeye guhangana n’umwansi amurusha inguvu kure, abandanya arasisha ‘pistolet’ yiwe gusa, nk’uko bivugwa na White House.

Sgt Plumlee yamishuwe n’iturika ry’ibisasu vyinshi vy’abiyahuzi, ariko akomereka buke buke.

Yabwiye Washington Post ko gushika ubu atumva ingene batamugemye.

Uwa gatatu yahawe uwo mudari ni Army Ranger Sgt Christopher Celiz yapfiriye mu ntara ya Paktia muri Afghanistan mu 2018 igihe yariko arafasha kajugujugu y’ubuvuzi gutwara abakomeretse kandi umwansi akiriko ararasa.

We bivugwa ko abansi benshi bamaze gutera ingabo ziwe, yaciye aca mu masasu menshi yiruka kurondera inkoho nini gusumba kugirango arushe inguvu umwansi, nk’uko bivugwa na White House.

Kajugujugu iriko iritegurira guhagaruka, yaciye ahagarara kugira abe nk’inkinzo y’abari muri iyo ndege kugira ntibaraswe. Imaze guhaguruka, yaciye agemwa n’umwansi, ariko agira ikimenyetso co kwereka bagenziwe ko bokomeza urugendo batajanye.

Prezida Biden yavuze ati: “Yashize ubuzima bwa bagenziwe imbere y’ubwiwe.”

source :BBC Gahuza

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *